homepagekirundi

Natacha yatanze 1.000.000 Fbu wo gufasha Member

Inyuma yaho abagizi ba nabi bahatswe kugandagura Bruno Simbavimbere azwi cane kw’izina rya Member Imana igakinga ,aho asazwe arwariye abataribake baguma baza ku mugarukirako.

Natacha Lanamba Labamba

Kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruhuhuma niho umuririmvyikazi Natacha NGENDABANKA yashobora kuja kumusuhuza aho asazwe ariko aravurirwa mu bitaro vyitiriwe Umwami Khaled vyo mu kamenge akaba yagiye yitwaje n’ibahasha ry’amahera agera ku muriyoni w’amarundi aho yarihaye umwe mubana biwe basazwe bariko baramukwirikirana aho mu bitaro.

IndundiMagazine yashoboye kwegera umwana wiwe w’imfura aho atera akamo n’abandi babishoboye koboza kubagarukirako kugira baronke uko yobandanya avurwa .

Mwomenya ko uwo mukuru w’abaririmvyi yatemaguwe kuwagatanu w’indwi iheze  mu mutwe aho yariko arataha muhira iwe mu Kibenga avuye mu bikorwa vy’ugushigikira umuririmvyi Aubin Lux aho yararamutse ashira ahabona amasanamu y’indirimbo “Nyumviriza“.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755