homepagekirundi

Natacha yoba agiye gukora ibiteramo muri Tanzania?

Bamwe ngo yoba agiye gukora ibiteramo bitandukanye inyuma yaho management yiwe yo mu gihugu ca Tanzania ibitangarije ko ikizokurikira kuri Natacha ari ugukora ibiteramo mu gihugu ca Tanzania.

Inyuma y’insaku canke amajambo agenda aranugwanugwa mu mihingo itandukanye y’igisangara ca Bujumbura ubuyobozi bw’umuririmvyikazi Natacha busanzwe burongowe na Raphaël NYANDWI ntibubona kumwe n’abanyagihugu canke abakunzi b’umuziki w’Uburundi kuko ngo amajambo ariko arakwiragizwa hirya n’ino atamuco bo nyene ubwabo barabibonamwo ahubwo igikuru ngo abantu botenyenya bakarindira ikizomenyeshwa kizoza kivuye mu burongozi bwa Natacha kuko arico kizoba gifise umuco.

Raphaël ati: « Musanzwe muzi ko atagikorwa dukora tutamenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru kubwivyo ayo makuru agenda aratangwatangwa hirya n’ino nibayafate nk’ayatabaho kuko ikizoba cose haba ku biteramo vyatungajwe ko Natacha azokora ndetse n’ama collabo atandukanye vyose bazobimenyeshwa ku mugaragaro.

Ivyo bigenda bivugwavugwa bibaye mu gihe Natacha umuririmvyikazi w’umurundi abandanya avyifatamwo neza mu bihugu vya EAC na cane cane mu gihugu c’Ubugande aho aheruka no kuhakorera igikorwa ciza yakoranye na Fik Fameica wo muri ico gihugu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755