homepagekirundi

#Indundi| Nguru urutonde rw’abagiye kuboneka muri Hip Hop Day

Inyuma yo kugaragara yuko abaririmvyi bakora umudiho wa RAP bidogera cane abasanzwe batunganya ibiteramo hano mu gihugu c’Uburundi haragiye harabaye itunganywa ry’igiteramo citiriwe HIP HOP DAY categuwe na ROCKSTONE KINGDOM kigiye kuba kuri uyu wa 31 z’uku kwezi kw’umunani muri uyu mwaka wa 2019 aho kizobera kuri (Centre De Formation De Croix Rouge)

Inyuma yo kuvugwa cane ko ari kimwe mu giteramo kigiye guhuza abaririmvyi hafi ya bose bakora uwo mudiho wa RAP ariko basanzwe bavyifatamwo neza kuri uyu wa 27 haramutse hashirwa ku mugaragaro urutonde rw’abaririmvyi bagiye guhurira mur’ico giteramo

Ibi bibaye mugihe uwusanzwe arongoye Label ya ROCKSTONE KINGDOM ariwe SAG WISe ashikiye hano mugisagara ca BUJUMBURA inyuma yahoo yaheruka mugisagara ca KIGALI aho avuga ko yari mubikorwa vyo kwagura akarere muri MUSIC izoba iriko ikorerwa mur’iyo label nyene asanzwe arongoye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755