homepagekirundiMiss EricasecurityWestern Sydney Films FestivalWorld News

Nouvelle Zélande : Reta yahagaritse itegeko ryemerera abanyagihugu gutunga ibirwanisho

Reta y’igihugu ca Nouvelle Zélande yahagaritse itegeko ryemerera abanyagihugu gutunga inkoho muri ico gihugu inyuma y’aho igitero giherutse kugabwa ku musigiti wo mu gisagara ca Christchurch gihitanye abantu bangana mirongo itanu.

Nk’uko bishikirizwa n’insamirizi y’abongereza BBC, umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Jacinda Ardern, yavuze ko hagiye gutegurwa itegeko rishasha rizokwemerera abantu gutunga ibigwanisho.

Uwo mushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Jacinda Ardern yavuze kandi ko hagiye gutunganywa uko hazokorwa kugira inkoho ziri mu banyagihugu baziguze bazisubizwe hama nabo basubizwe amafaranga yabo.

Ayo makuru avuga ko igikorwa co kwishura hamwe no gusubiza amahera abaguze inkoho bizotwara amadorare y’abanyamerika arenga imiriyoni ijana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755