homepagekirundiMiss EricaWorld News

Papa Francisco yihanije abakunzi ba Messi kumugereranya n’Imana

Umuyobozi w’idini rya Katorika kw’isi Nyenubweranda Papa Francisco yihanije yivuye inyuma abakunzi b’umukinyi Lionnel Messi kumugereranya n’Imana.

Papa mugihe yariko akora ikiganiro kumboneshakure yitwa Spanish TV, yabajijwe n’umumenyeshamakuru w’iyo mboneshakure avuga y’uko hariho abantu bita Lionnel Messi y’uko ari Imana y’umupira w’amaguru kw’isi mbe wewe nka Papa ushobora kumuhamagara Imana?

Papa Francis yishuye ati “Kugereranya Imana hamwe na Messi sivyiza ndibaza y’uko abakunzi biwe bategerezwa kumenya ingene bokoresha izina ry’Imana n’iryiwe”.

Papa Francisco abandanya avuga y’uko “abantu benshi bahamagara Imana uko bishakiye ni nk’uko bavuga ijambo ndagukunda cane iryo jambo ryatumye babona y’uko risanzwe kuvuga, kuvuga rero ko Messi ari imana y’umupira w’amaguru ni ukubura indero kandi ntivyemerwe”.

Mukamenya y’uko Messi hamwe na Papa Francisco bompi bakomoka mu gihugu ca Argentine, mu misi ihese Papa akaba yarigenze gukeza Messi anamuhamagarira kugerageza akabwira imisore yose yo muri Argentine gukunda umupira w’amaguru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755