Entertainmenthomepagekirundi

Sat-b amenyesha akamaro k’urugendo rwiwe.

Inyuma y’urugendo runini yakoze mu gihugu ca Tanzania abarizwa mu gisagara ca Bujumbura aho yashika kur’uyu w’IMANA 20/10/2019 biboneka ko yari yiteguriwe cane n’abakunzi biwe n’umuziki w’Uburundi muri rusangi naho akavura kataboroheye ntibatanzwe kumwakirana urweze n’umunezero mukuririmba indirimbo ziwe nka zose ziriko zumvikana kurusha izindi.

Aho bivurwa na Sat-b ubwiwe urugendo rwiwe mu gihugu ca Tanzania ntirwari urwa mbere ariko ngo nirwo rugendo yakoze rukamwigisha vyinshi harimwo ico yafashe nk’ishimikiro murugendo rwiwe rw’umuziki ico naco nico yise BRAND

Sat-b aho yabazwa inyungu y’urugendo rwiwe ku gihugu yishuye asubiza ati :

« Mungendo dukora haba harimwo n’inyigisho kubw’ivyo tubwirizwa kwicara tukiga ivyo tutazi tukerekwa kure tutabasha kwiyereka na cane cane ko mukarere ari twe tugisigaye inyuma muco twokwita urudandazwa mu muziki. Iyo umwe asohotse birafasha guca hagenda haraba urukurikirane rwo gushaka gukurikirana abandi baba bari muhira kubwivyo rero urugendo rw’umuririmvyi iyo avyifashemwo neza ruba rufise akamaro kanini ku gihugu »

Aho mwomenya ko Sat-b yavuye mu gihugu ca Tanzania mu rugendo yariko akorera ku masamirizi n’imboneshakurue zitandukanye  kumenyekanisha ibikorwa vyiwe no kwagura akarere mugukora ubucuti n’abaririmvyi batandukanye avuga ko bizomufasha mu rugendo rwiwe rw’umuziki bikazofasha na batoya biwe mu muziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769