Inkino

Abakinyi 3 b’abarundi mu rutonde rw’abakinyi bitwaye neza mu nkino z’amarushanywa mu Rwanda

 

kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 Rusama 2021, Iradio yo mu gihugu c’Urwanda yitwa B B FM yashize ahabona Urutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza gusumba abandi mu nkino 6 z’amarushanywa zimaze imisi ziriko zirakinwa .

 

Muri urwo rutonde tuhasangamwo Abakinyi 3 b’abarundi aho twovuga nka

Hussein Shabani Tchabalala akinira As Kigali , Moussa Omar Déjong akinira Police Fc hamwe na Kwizera Pierro akinira AS Kigali .

Aba nibo bakinyi 11 batowe :

1) Ntwari Fiacre ( Marines Fc)
2) Kwizera Bahati Emilien ( Rutsiro )
3) Omar Moussa ( Police Fc )
4) Manzi Thierry ( APR FC)
5) manishimwe Emanuel ( APR FC)
6) Kwizera Pierrot ( AS kigali )
7)Ruboneka Jean Bosco ( APR FC)
8) Luvumbu Heritier ( Rayon Sports)
9) Tchabalala Hussein ( As Kigali )
10) Saba Robert ( Kiyovu Sports )
11) Saddick Suley ( Saddick Suley )

Mwomenya ko gushika ubu umukinyi w’umurundi Hussein shabani Tchabalala ariwe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi muri ico gihugu, aho mu nkino 6 amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 6.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037