members-membership-requestInkinoTourisme

# Indundi Sports| Abarorerezi ba Olympic Star bashobora gufatirwa ibihano

 

kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 03 Nzero 2021, niho umugwi Olympic Star wari wakiriye Umugwi Vital’o Fc mu rukino rw’igikombe c’ubumwe . urwo rukino rukaba rwararangiye Olympic Stars wirahiye Vital’o Fc kuma Penariti 4 kuri 3.

Mugihe urwo rukino rwari ruhejeje kurangira abakunzi b’umugwi Olympic Stars baciye binjira mu kibuga ku bw’umunezero bari bafise wo gutsinda Vital’o Fc kuko yama ibatsinda igihe cose bahuye .

Iyo nyifato ikaba itashimishije uwurongoye  ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Reverien Ndukuriyo kuko munyuma yaciye yandika kurubuga ngurukana bumenyi rwa Tweeter rwiwe avuga ko abarorerezi ba Olympic Stars bagize inyifato itabereye mbere aranavuga ko inama yihuta y’abajejwe inyifato mu nkino buca yiga ikibazo.

Mwokwibuka ko mu mpera z’ihiganwa rya Primus league 2019-2020 , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryigeze gufatira ibihano abarorerezi b’inkino bivanye n’inyifato bari bakoze yo kwinjira mu kibuga urukino rurangiye.

 

Uku niko izindi nkino z’igikombe c’ubumwe z’agenze :

 

Aigle Noir 2-1 Messager Ngozi

– Rukinzo Fc 2-0 Bs Dynamik

– Flambeau du Centre 4-0 Buja City

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 2