groups-at-messagehomepagekirundi_SportsSportsport videos

Adel Amrouch yashikirije umubabaro kur’upfu rwa Nyakwigendera Petero Nkurunziza

Uwigeze kuba umumenyereza w’intamba mu Rugamba Adel Amrouch yababajwe cane n’urupfu giturumbuka rw’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Abicishije Ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Facebook y’ Intamba mu Rugamba Adel Amrouch yanditse amajambo yicongereza aho yagize ati:

“Condolences for family of the President Pierre Nkurunziza”.

Adel Amrouch akaba yamenyereje Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba mu kiringo c’imyaka itanu (5) ni ukuvuga kuva mu mwaka wa 2007 gushika mu mwaka wa 2012.

Uyo mubirigi afise amamuko yo mu gihugu ca Algeria amaze kumenyereza imigwi itari mike nk’umigwi nserukira gihugu w’Uburundi ,wa Alger ,wa Libye,hamwe numugwi serukira gihugu wa Kenya , Guinée Equatorial, Umugwi wa USL Alger , Union yo mu bubirigi aho yabaye umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga DT , DC Motema pembe yo muri repuburika iharanira demokarasia ya Congo, Volyn lutsk yo muri Ukraine nayo nyene yayibereye umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga DT .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 836