intamba murugambaInkino

# indundi Sports | Agashahara kisumbuye niko koba katumye Amidou yimukira muri Flambeau du Centre?

 

Umugwi Vital’o Fc uguma utakaza abakinyi batari bake, ubu naho umumenyereza w’umunyegori Amidou Hassan nawe akaba yakuyemwo akarenge.

Biciye ku murongo wa terefone  mu kuganiro c’inkino co mw’ijoro kuri buja FM, Amidou Hassan yavuze ko bitari ibintu vyoroshe kuba muri Vital’o ariko ubuzima ariko bumeze , ushobora kuba ahantu urezwe neza n’abavyeyi bigashika igihe uvuga ko wogenda  kurondeza ahandi uraba ko ivyo wize canke ivyo wigishijwe ushobora kubishikiriza neza abandi vyoroshe .

Amidou  yasubiye avuga  ko yagize ibakwe ryo guhura na bamwe mu ndongozi z’umugwi Flambeau du centre  wo mu ntara ya Gitega barafundika amasezerano ibisabwa vyose baravyemeranya ari nakwo guca avuga ko imyaka 5 ikwiye muri Vital’o avuyemwo.

Amidou Hassan yanavuze ivyo yize ari kumwe n’abamenyereza nka Yaoundé , Michel , Etienne Ndayiragije ,Francis Mbaya hamwe na Sahabo Pariss,  avuga ko yize ico bita gukundana, benshi mubo yakoranye nabo bashira urukundo imbere, na cane cane agashimira kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé Kubona kenshi yakunda kumugora kuko wasanga amubaza ibibazo vyinshi cane kandi ari nawe yamwigishije ibitari bike. Eka ntiyibagiye gushimira Benjamin Bikorimana yigeze kurongora Vital’o , Jamali Seifu n’abandi batandukanye.

Umugwi Flambeau du Centre rero agiyemwo akaba ari umugwi mwiza cane ufise n’uburyo bivanye n’ingene umaze imisi uriko uragura abakinyi batari bake ukoresheje uburyo butari bumenyerewe hano iwacu, abenshi bakavuga ko Amidu  yahawe akanoti kisumbuye abona kwerekeza i Gitega kure y’umuryango wiwe, akaba agiye asangayo Omar Ntakagero hamwe na Ferouzi Haruna .

Amidou Hassan hampande yo kuba Umumenyereza w’abanyegori mu murwi Intamba mu rugamba ndetse na Vital’o Fc, yigeze gukinira imigwi ya Elite Fc , Flamengo , Vital’o Fc , LLBS4A akaba yarasamiye umugwi nserukira gihugu muri CECAFA 2007 ya bakiri bato yabereye hano i Bujumbura, ivyo akabifatanya n’umwuga wo kumenyesha amakuru y’inkino aho yanakoranye na Indundi Sport, Radio Culture, ubu akaba arizwa muri Buja FM .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 97