BasketballIKIRUNDI_newskirundi_SportsSportUncategorized

#indundi Sports| Basket : Orneil umukinyi wa Kernniwe yashimiwe

Inyuma yaho Kern itsindiye umurwi wa Dynamo mu nkino zitatu ziheruka ari navyo vyatumye uwo murwi utwara igikombe ca play off .

Ni muri iyo ntumbero uwo mukinyi aheruka kwigenza neza mu mahiganwa aheruka kurangira ya play off . Uwo mukinyi yashimiwe kuko yigenjeje neza mu mpera ziyi ndwi .

Orneil Ndayizeye wa Kern yahawe agashimwe k’umukinyi yaranze indwi kakaba gatangwa na For the love of the game .
Ako gashimwe kagizwe n’akabahasha kangana n’ibihumbi mirongo itanu .

Orneil Ndayizeye akina nk’umurinzi wa Kern akaba yatahukanye ibikombe bibiri muri uno mwaka harimwo ica championnat hamwe n’igikombe ca Play off.

Mwomenya ko umurwi wa Kern Orneil Ndayizeye akinira umenyerezwa na Arsène Mfuranzima arikumwe na Joris Ndumutima,Kern yari imaze imyaka 15 udakora ku gikombe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 323