Basketballfootballgroups-at-messagekirundiSport

Basketball| Holy center yirahiye Ishaka

 

Mu ntumbero yo guhimbaza yubire y’imyaka indwi ishirahamwe ry’imvukira za Jabe ritanguye gutunganya inkino za Basketball hano mu gihugu iwacu, haratunganijwe ihiganwa rihuza imirwi itandukanye.

Mu bakiri bato habaye urukino rumwe rukaba rwahuje Holy center irongowe na Apotre Jean Paul hamwe na Ishaka basketball Club irongowe na Ndayirereshe Jean Paul.

Mu gice ca mbere c’urukino, umurwi Holy Center basket ukaba wirahiye Ishaka ku manota 41 kuri 25 .

Inyuma y’akaruhuko, imirwi yose yerekanye ubuhinga budasanzwe mbere abarorerezi bakaba bashimishijwe n’urugero abana badashikana imyaka mirongo ibiri berekanye .
Umurwi wa Ishaka waciye wivyukiranya uragombora gushika ku bitsindo 39 bica bituma Holy center itahana intsinzi ku manota 44.
Ivyo birori bikaba vyabereye ku kibuga Département des sports .

Kantore Jean Claude amenyereza Ishaka yavuze ko abakinyi biwe bakinye neza ariko babuze amahirwe ,ku ruhande rwa holy center yatsinze Urlich Ishimwe yavuze ko biteguriye cane urwo rukino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 628