homepagekirundi_Sports

Baterereye imifuko 130 y’isima yo kwubaka Ikibuga Intwari

Tumenyereye ko amashirahamwe ndetse n’abagwizatunga batandukanye aribo bama baterera Ikibuga Intwari, muri kino gihe hariko hashikirwa abari muma groupe whatsap.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12 Gitugutu 2023 isaha icenda ( 15h00) ku kibuga Intwari , niho groupe Whtasapp yitwa All Sports News irimwo abakunzi b’inkino batandukanye yashikana intererano igenewe kwubaka ikibuga Intwari ijanye n’imipfuko 130 y’isima .

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru Jean Marie batazira ( James) yamenyesheje ko bitavye akamo na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi ko gushigikira igikorwa c’iteka co kwubaka ikibuga citiriwe Intwari , nka Groupe Whatsapp nabo nyene babonye ko batosigara inyuma , niko gushira inguvu hamwe begeranya ako gatererano .

Jean Marie ( James ) yahimirije ayandi ma groupes ya whatsapp nayo nyene kugira ico bakoze kugirango n’urunganwe rwabo rubone ko abarundi biteye iteka .

Nawe Arcade Nimubona icegera ca mbere c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB) ari nawe yari yateye iteka ico gikorwa , yashimye cane ico gikorwa mu kuvugako bacakiranye umunezero mu gukengurikira groupe Whtspp All Sports kubona baritavye akamo k’Umukuru w’igihugu aca abonerako na karyo ko guhamagarira abarundi bose baba mu gihugu no mu mahanga kubandanya baterera inyubako ziriko z’ubaka n’igihugu .

Mwomenya ko iyo ibaye groupe ya whatsapp igira kabiri iterereye ikibuga intwari inyuma ya Indundi Sports groupe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,862