homepageArsenalInkinokirundi

Bimenyimana Bon fils Caleb yaguzwe muri Lettonie

Caleb Bimenyimana agiye gukina i Buraya mu mugwi Riga Fc uri mu cicaro ca mbere muri Lettonie.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza umwaka wa 2019, niho umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 23 Bimenyimana Bon fils Caleb yashira umukono ku masezerano yo gukinira imyaka 3 umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Lettonie witwa Riga Fc.

Uyo mukinyi akaba yari asanzwe akinira umugwi Rayon Sports wo mu gihugu c’Urwanda aho yahakiniye imyaka ibiri gusa aca yerekeza mu gihugu ca Lettonie.

Caleb imbere y’uko yerekeza mu gihugu ca Lettonie yari yifujwe bikomeye n’imigwi ikomakomeye ya hano muri Africa nka Tp Mazembe, Enyimba yo muri Nigeria hamwe na Goramhia ariko birangiye umugwi Riga Fc umutahukanye

Umugwi Riga Fc agiye gukinira ukaba uri mu kibanza ca mbere n’amanota 15 muri iryo higanwa ryo muri Lettonie .

Mu kamenya y’uko uwo musatirizi w’intamba mu rugamba yanakinye mu migwi ibiri ikomakomeye ya hano iwacu nka Vital’o Fc hamwe na Inter Star .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755