homepagekirundipromotedTabac

Breaking news : Papy Faty ntakibarizwa mw’isi y’abazima

Umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Papy Faty yitavye imana giturumbuka .

Hari kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 25 ndamukiza umwaka wa 2019 aho Umugwi Melanti Chiefs ukinamwo Papy Faty wo mu cicaro cambere mu gihugu ca Swaziland wari ufise urukino rw’ihiganwa ryo muri ico gihugu . Nyakwigendera Papay faty ntiyashoboye no kurangiza igice ca mbere c’urwo rukino kuko yahawe umupira muremure na mugenzi wiwe abura ukuntu awufata niho guca babona atemba hasi baca babona kumutwara kwa muganga basanga amaze gucikana.

Gushika n’ubu ntibaramenya icoba cishe uyo Mukinyi ariko bikaba vyari bizwi y’uko nyakwigendera Papy Faty yari afise ikibazo c’Umutima cigeze gutuma amara imyaka 2 adakina umupira w’amaguru.

Akaba yavutse igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 1990 yari afise imyaka 28.

Yatanguriye gukina umupira w’amaguru akiri muto mu mugwi Gillette Fc wari umenyerezwa N’umuhisi Kabuzi . Papy faty ntiyashoboye kubandaniriza muri Gillette Fc kubw’ingwara y’igituntu yaronse ico gihe yatumye Gillette Fc ibura amahera yo kumuvuza niho guca imutanga Ku buntu muri Maniema Fantastic Fc wari ukina mu cicaro ca 3 ico gihe nawo uca uramuvuza gushikaho akira.

Mu mwaka wa 2017 Maniema Fantastic yaramugurishije mu cicaro cambere mu mugwi Inter Star naho akaba atahakinye n’ igice c’ihiganwa niho guca agurwa Iburaya mu gihugu c’ uturuki mu mugwi Trabzonsport naho akaba atahatevye kuko waciye umutiza mu mugwi MVV wo muri Hollande ahakina gushika mu mwaka 2011 , mu mwaka wa 2012 uyo mukinyi yaciye asubira muri Africa akina mu gihugu c’urwanda mu mugwi Apr Fc gushika mu mwaka wa 2013 avuye ngaho yaciye yerekeza muri Africa y’epfo mu mugwi Bidvest awukinira imyaka 3 niho guca aronka ikibazo c’ingwara y’umutima catumye amara imyaka 2 adakina .

Mu mwaka wa 2018 uyo mukinyi yasubiye gukina mu mugwi wo mu cicaro cakabiri witwa Real Kings naho ahakina amezi 6 baca babona kutamwongera amasezerano bivanye n’uko yari yanse ko bamubaga ingwara y’umutima yari asanzwe afise , inyuma yokutongerezwa amasezerano yaciye aca mu gihugu ca Swaziland mu mugwi Melanti Chiefs wo mu cicaro cambere ajanwe n’uwo bigeze gukinana mu mugwi Bidvest .

nyakwigendera Papy Faty yari umunya mahoro yahuza na bakinyi Bose , akaba yatanguye gukina mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wa bakiri bato mu mwaka wa 2007 aho yawufashije gutwara igikombe ca CECAFA .

Akaba asezereye isi inyuma y’ugushitsa ivyo yari yiyemeje kuva kera ivyo navyo akaba ari ugushikana Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu CAN 2019 .

Mu rukino rwanyuma rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN 2019 rwabaye igenekerezo rya 23 Ntwarante rwabereye Ibujumbura rwahuje Intamba na Gabon uyo mukinyi yaragomboye mu minota y’anyuma .

Indundi Sports ikaba ihojeje umuryango wise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755