Burundifeatured sportfootballInkinokirundi

# Indundi Sports | Breaking News | Saido Ntibazonkiza ntakiri umukinyi wa Vital’o Fc

Ntibikiri ibanga, amakuru duhejeje kuronka ni uko uwahora ari kizigenza wa Vital’o Fc Saido Ntibazonkiza atazoboneka muri uwo mugwi mw’ihiganwa rya Primus league 2019-2020 , buca ritangura.

Iyo ikaba ari inkuru ibabaje Ku bakunzi b’umugwi Vital’o Fc ndetse n’abakunzi b’uwo mukinyi na rirya yari asanzwe afise  benshi mu gihugu.

Gushika ubu ntawuramenya icoba catumye uwo mukinyi atabandanya gukinira uwo mugwi.

Indundi Sports ikaba yashoboye kuyaga na Saido kugira atange umuco kuri ayo makuru avuga ko yoba atakigiye kubandanya gukinira Vital’o Fc mugihe ariwo mugwi washoboye kumuha izina rikomeye kuva kera .

Saido Ntibazonkiza akaba yavuze adahigimanga ko atakibarizwa muri uwo mugwi, ndetse akaba yasezeye abakunzi b’uwo mugwi avuga ko hampande y’uko atazobandanya akinira uwo mugwi azoguma awufana kuko ari wiwe kandi wigeze kumufasha ibitari bike .

” Nivyo sinkibarizwa muri Vital’o Fc kino gihe sinashatse kubishira hanze hakiri kare ariko ayo makuru niyo ngiye kuzoba umurorerezi asanzwe w’uyo mugwi kuko ni umugwi wanje ”

Abajijwe ni uwuhe mugwi azokworekeza inyuma yo guhagarika gukinira Vital’o Fc , akaba atashimye kugira ico ashikirije .

Twashoboye no kurondera bamwe mu barongozi b’umugwi Vital’o Fc kugira nabo bashobore kutubwira icoba catumye uwo mukinyi atabandanya gukinira uwo mugwi bakaba batashimye kwishura ico kibazo.

Mu nkino zose  Vital’o Fc wakinye uwo mugabo ari mu kibuga watsinzwe urukino rumwe gusa aho twovuga urukino na Kayanza United.

Mwomenya kandi ko Saido Ntibazonkiza ari umukinyi yazanye akanovera mw’ihiganwa rya Primus league riheruka ry’umwaka wa 2019 – 2020, Aho wasanga isinzi ry’abantu batari bake ryitabira inkino za Vital’o kubw’uyo mukinyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 649