footballhomepagekirundi

Coupe du Président : Ibi nivyo bisabwa kugira imigwi irengane

Mu gihe kuri uyu wa gatandu igenekerezo rya 11 no kuw’Imana igenekerezo rya 12 Ndamukiza umwaka wa 2020, hairindiranywe igishika inkino z’igice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu. Umumenyeshamamuru Ismail Kwizera Nahodha wa Isanganiro yashize ahabona ibiharuro bisabwa kugira imigwi irengane .

Kuri uyu wa gatandatu 11/04/2020.

✔ Intwari 15h00: Rukinzo FC 🆚 Buhumuza FC (Urukino rwa mbere Buhumuza FC 0-1 Rukinzo FC) bisabwa ko Buhumuza FC itsinda 2-0 canke 2-1 izoba irenganye, ukunganya ukwariko kose Buhumuza FC irataha.

#PeacePark : Aigle Noir SC 🆚 Athletico Academy (Mu rukino rwa mbere Athletico Academy 2-4 Aigle Noir) bisabwa ko Athletico itsinda Aigle Noir (3-0) kugira ngo irengane, ukunganya kuri Athletico
Academy.

Kuri uyu w’Imana 12/04/2020.
#Intwari 15h00: Buja City 🆚 Inter Star. (Urukino rwa mbere Inter Star 2-0 Buja City) Intsinzi isabwa kuri Buja city kugira ibandanye ni (3-0 canke 4-1 mugihe Inter Star isabwa kunganya canke gutsinda.

#Ingoma 15h00: Musongati FC 🆚 Vital’O FC (Urukino rwa mbere 0-0) Ukunganya uherere kuri (1-1 kuduga Musongati FC irataha mugihe intsinzi iyariyo yose haba kuri Vital’o FC canke kuri Musongati FC umwe muriyo urataha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 864