abakinyi bakina hanzeBasketball

# Indundi Sports | CRDB CUP : Gymkana yatsinze Les Hippos bigoranye

 

Umugwi Gymkana watsinze les hippos muri rya higanwa rya CRDB CUP.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Munyonyo 2022 isaha umunani z’umurango (14h00 ) ku kibuga ca Département aho hari haramutse hakinwa urukino rugira kabiri rw’igikombe citiriwe izina rya CRDB CUP, urwo rukino rwari rwahuje Gymkana hamwe na Les Hippos , bica birangira Gymkana itsinze les hippos amanota 65 kuri 64 itandukaniro ry’inota rimwe gusa .

 

Uwuzotahukana ico gikombe akazotahukana amafaranga imiriyoni 5 z’amarundi mu bahungu no mu bakobwa .

Mwomenyako umugwi Urunani wari witeze gukina kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 06 Munyonyo 2022 na Remesha ariko urwo rukaba rutakibaye bivanye n’’uko uwo mugwi wasavyeko urwo rukino rwokwimurirwa ku musi wa kabiri igenekerezo rya 08 kunvo zuko bagifise uburuhe bivanye n’amahiganwa ya Road toBal bavuyemwo.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 144