abakinyi bakina hanze

# Indundi Sports | Handball : Uburundi bwatsinze Urwanda mu rukino rwa kivandimwe

 

Umugwi nserukira gihigu wa Handball w’abatarenza imyaka 19 waraye utsinze Urwanda mu rukino rwa kivandimwe .

Hari kuri uyu w’Imaba igenekerezo rya 09 Mukakaro 2023 ku kibuga ca Département I Bujumbura , aho umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 19 watana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu w’Urwanda mu rukino rwa gucuti rwo gutegurira ihiganwa rya Handball ry’isi rigiye kubera muri Croatie mu kwezi kwa Myandagaro .

Uburundi bukaba bwaraye butsinze Urwanda ku manota 43 kuri 37 , mugihe urukino rwo gutangura rwari rwabereye mu Rwanda , Uburundi bwatsinzwe n’urwanda ku manita 43 kuri 37 nyene .

Mu gikombe c’Isi Uburundi bukaba buri mw’itsinda rya H buri kumwe na Suède , Iran hanwe na Ile Féroé, mugihe Urwanda ruri mw’itsinda rimwe na Croatie, Algeire hamwe na Portugal .

Mwomenyako y’uko muri ico gikombe c’isi ca Handball kizobera muri Croatie buri itsinda hazorengana ibihugu 2 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 129