Basketballkirundi_Sports

# indundi Sports| DH Télécom igiye gusubiramwo ubwiherero bw’ikibuga ca Département

Ibintu bigiye guhinduka muri Febabu biciye DH Telecom .

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 08 Ndamukiza 2023 , niho hugurugwa ihiganwa rikuru rya VBL ( Viva Basketball Ligue) hakaba harabaye amasezerano hagati ya FEBABU na DH Telecom akaba yari ajanye no gusubiramwo ubwambariro bw’abakinyi ( Vestiaires) , ubwiherero ( Toilettes et Urinoires) hamwe no gusubiramwo ubwugamo bw’ikibuga ca Département des Sports gikinirwako inkino zitari nke .

Ayo masezerano akazomara imyaka 3 bikazotwara imiriyoni 20 nkuko vyashikirijwe na Harerimana Venuste arongoye DH Telecom .

Venuste Harerimana arongoye DH Telecom akaba yavuze ko yiyumviriye igikorwa co kwegeranya abakinyi b’umupira w’amaboko wa Basketball kugira nawe ashobore kubereka ico ashoboye kuko nawe aho ageze muri kino gihe yafashijwe n’abandi .

Uwo arongoye iryo shirahamwe DH Telecom avuga ko yaratembereye ikibuga ca Département asanga mu bwambariro hameze nabi , ikibuga carabomotse , ama bati iyo imvura iguye n’ikibazo kubafana niho guca avuga y’uko azobibafashamwo kugira bisubirwemwo.

Mwomenya ko iyo Partenariat yashimishije abakunzi b’imirwi itandukanye ya Basketball.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 278