homepagekirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Dieudonnée Kwizera afatwa nk’umubeshi na CNO

 

Ishirahamwe CNO ( Comite National Olympique) ryagiriza uwurongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi Dieudonnée Kwizera Muvuduka kuba umubeshi bivanye n’ingene yihindukiza mw’ijambo .

Ivyo akaba yabivugiye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 30 Rusama 2023 mu nama yaraye akoze yo kugira barabire hamwe ibibazo biri hagati ya CNO hamwe n’ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi ( FAB ) ariko abarongoye iryo shirahamwe ntibigeze bitabira iyo nama .

Lydia Nsekera avuga ko bitumvikana kubona umuntu akora ikintu hama agaca iruhande hama agaca avuga ko ataco yakoze .

Akaba yagize ati’’ Ntivyumvikana ukungene umuntu akora ikintu hama agaca iruhande akavuga ngo je ntaco nakoze . Ndasigura ntivyumvikana ukungene umuntu avuga ati’’ ibintu bibiri izo Bourse Olympique muzitanga mutambajije , mugabo mu nama ya CNO ivyo ntibivugwa agaca iruhande akavuga ati jewe ntavyo nzi .

‘’ Twaberetse ko n’amazina ariwe yayatanze, yatanze amazina ane yongera aratanga ayandi . ntivyumvikana ukungene uwurongoye Ishirahamwe abesha abantu gushika naho avuga ngo no mw’ihiganwa ry’isi agiye kwandika abanonotsi batabifitiye uburenganzira ‘’

Lydia Nsekera yongera akavuga ati’’ Isiba ry’abarongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi mu nama nkuko twari twabivuze kare , harya iyo umuntu azi yuko ari mukuri aragerageza uko ashoboye kwose ukuri kwiwe kukamenyekana , uziko wabeshe uca unyegera ni navyo vyabaye .

‘’ Ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi dufitaniye gahunda yo gutegura ihiganwa rya Jeux Olympique 2024 , narirya dufise abanonotsi 4 baba Boursiers ntimugire ikibazo tuzoguma tuvugana .

Akaba yarangije avuga y’uko ata CNO izosubira kuvugana n’abarongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi ( FAB) mugihe cose inama izoba yitabiriwe n’uwusanzwe arongoye iryo shirahamwe wenyene gusa , ngo azorinda kuzoba azananye n’abandi bantu babiri canke batatu .

Ivyo vyose bikaba vyatewe n’ingene uwurongoye iryo shirahamwe ry’abanonotsi yihindukiza mw’ijambo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 849