Basketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Febabu igiye gutegura inkino zo gufasha Urunani na young Sisters

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi ( FEBABU) rigiye gutegura inkino zizoba mu ntumbero yo gushigikira imigwi Urunani BBc na Young Sisters izoserukira Uburundi mu nkino mpuzamakungu.

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe  n’uwusanzwe arongoye  FEBABU Apotre Manirakiza Jean Paul , mugihe yari yahawe ijambo ku musi mukuru wo kwigina igikombe c’Urunani umusi bari bitiriye izina rya SISI WENYEWE.

Febabu rero mu gutunganya izo nkino za Basketball izoba iri kumwe na Bule Harmony .

Imigwi izohura uku gukurikira :

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nyakanga 2022 ku kibuga ca Departement isaha umunani (14h00) , Umugwi Urunani uzohura na Dynamo , mugihe isaha icumi ( 16h00) , Gymhkana izohura na New Star.

Ku w’Imana igenekerezo rya 18 Nyakanga 2022 ku kibuga ca Département isaha zitanu (11h00) bazohiganirwa ikibanza ca gatatu, hama isaha indwi (13h00) , Young Sisters izohura na Gladiators , mu gihe isaha icenda (15h00) azoba ari urukino rwa nyuma ( Finale).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 278