footballkirundiprimus ligue

# Indundi Sports | FFB yuguruye ikibuga Umuco inyuma y’inkino zibiri kiri ibihano

 

 

kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021 , Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryasohoye urwandiko rwo kwugurura ikibuga Umuco kiri mu Ntara ya Muyinga inyuma y’inkino zibiri ata barorerezi bemerewe kwinjira bivanye n’urukino rwigice 1/4 gushira icanyuma c’igikombe c’ubumwe aho Olympic Star yashoboye gusezera Vital’o Fc kuma Perenati abarorerezi baciye binjira mu kibuga mugihe bitemerewe .

Olympic Star ikaba yari yafatiwe ibihano na FFB yo gukina inkino 3 ata barorerezi bakaba bari bamaze gukina inkino zibiri ata barorerezi ni ukuvuga urukino rwabahuje na Inter star hamwe na Royal Fc, bakaba bari basigaje gukorera igihano c’urukino rumwe ariko FFB yahavuye ibagirira ikigongwe.

Mwomenya ko atari ico kibiga conyene kimaze gufatira ibihano hamaze no gufatirwa ibihano ku kibuga Intwari , ivyigiziro hamwe na Ingoma biturutse ku batorerezi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 606