AthletismeBurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

#Indundi Sports| Francine Niyonsaba yashimiye Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye

Inyuma y’aho Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ashikirije ijambo avuga y’uko Francine Niyonsaba aserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu akwiye kwitabwaho gusumba kubera aba yaserukiye igihugu akinjiza n’amafaranga y’agaciro mu gihugu, Francine Niyonsaba yahavuye amwishura mu kuvuga ati :

“Twama twasemereye ahari ingorane, iyo abajejwe inkino badahaye ikibanza n’iteka umunonotsi akwiriye bizotuma Sports mu gihugu cacu itazigera itera imbere , urwaruka rufise impano rugaca ruja mu bindi kubera ko rubona ko ata kamaro bifise ata nico umuntu yohanoba”.

Yasubiye kandi ashikiriza ivyokorwa navyo bikaba ari ibi : Guha agaciro gakwiye inkino n’abanonotsi mu gutegurwa neza n’ugushobozwa kuja mu makungu , kwambikwa neza n’imyambaro ikwiye tugiye guserukira igihugu nk’uko bikorwa mu bindi bihugu, guhabwa ubushimwe, icubahiro n’uburyo buke bitabanje guca mu nduru .”

Yongeye kandi asaba y’uko hobogozwa abarongozi badafise umugambi wo guteza imbere inkino no gushigikira abanonotsi.

Mwomenya y’uko Francine muri kino gihe ari mu gihugu c’Ububirigi aho agiye guhiganwa mu mahiganwa ya Diamond League 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846