Athletismekirundi_Sports

#Indundi Sports| Franciye arahagaritse ivyo kwiruka muri uno mwaka.

Ububabare yagize kw’itako nibwo bwatumye Niyonsaba Francine ahagarika ivyo kwiruka muri uno mwaka .

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 02 Nyakanga 2022, aho umunonotsi w’Umurundikazi Franciye Niyonsaba yandika inkuru ibabaje ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha nka Facebook, Twitter na Instagram, avuga y’uko atazobandanya amahiganwa ya Diamond League Athletics biturutse ku bubabare yagize igihe aheruka kwiruka imetero 3000.

Francine akavuga y’uko yagerageje guhendahenda kugira arabe y’uko yobandanya ayo mahiganwa ariko umubiri uramwankira .

Uwo munonotsi w’Umurundikazi akaba yavuze y’uko agiye kuruhuka, azosubira kandi kwiruka mu mwaka ukurikira, umwaka w’2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 277