Ikibazo cagumye cibazwa ko Irebe Company yoba yaraguzwe na Dicobu Samwel Ndayiragije yabihakanye.
kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Mukakaro 2023 ku kibuga c’indege i Bujumbura Samuel Ndayiragije niho yakigwa n’abanditsi n’abamenyeshamakuru bari baherekeje Irebe Company yatanguje isabukuru dukunde Uburundi.
Dicobu ngo ntishobora kugura irindi shirahamwe ahubwo barashigikira umurundi wese afise ivyiyumviro vyiza, vyoguteza Imbere igihugu, no gukunda no gukundisha igihugu ,August Burundi bazonamushimira.
Samwel muvyamuzanye mu gihugu c’amavukiro harimwo no gutegura neza Isabukuru Dukunde Uburundi, mu makuru yacu twagiye turabashikiriza twarababwiye ko Dicobu igiye gufata mu minwe iryo sabukuru ryatangujwe na Irebe company ifadikanije na RTNB.
Iryavuzwe rero ryatashe ntibikiri mu nkuru iyo ndongozi ya Dicobu yishikiye mu gihugu kugira babandanye bavyikurikiranira hafi.
Tubibutse ko ritegekanijwe kw’ igenekerezo rya 12 Myandagaro muri Arena Club guhera isaha cuminimwe(17h)
Kw’injira n’ibihumbi 30
VIP: 50000
VVIP:100000
Samwel Ndayiragije arongoye iryo shirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga Ku mugabane wa America (DiCOBU)yongeye kw’ibutsa abarundi baba mu Burundi ndetse n’ababa mu mahanga bari muburuhuko kudasiba muri iryo Sabukuru Dukunde Uburundi kuko kazoba arakaryo keza kokwiratira akaranga k’abarundi.


















