abakinyi bakina hanzefootballkirundi

# Indundi Sports | Hussein Shabani Tchabalala yafashije As Kigali gutsinda Rwamagana City

Umukinyi w’umusatirizi wUmurundi Hussein Shabani batazira Tchabalala yaraye afashije AS Kigali gutsinda Rwamagana City .

 

Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Munyonyo 2022, aho umugwi As Kigali ukinamwo Hussein Shabani Tchabalala wari wakiriye umugwi Rwamagana City mu rukino rw’indwi igira 8 rw’ihiganwa ryo mu Rwanda .

Urwo rukino rwarangiye As Kigali inyagiye Rwamagana City ibitsindo 4-0 harimwo n’ibitsindo bibiri vy’umusatirizi w’umurundi Hussein Shabani Tchabalala.

Tchabalala ivyo bitsindo akaba yavyinjije ku munota wa 12 n’uwa 23 w’urukino mugihe ibindi bibiri vyinjijwe na Mugenzi hamwe na Haruna Niyonzima .

Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 7 mu nkino 8 amaze gukina , akaba ari nawe afata ikibanza ca mbere mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 622