abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsintamba murugamba

#Indundi Sports| Hussein Shabani Tchabalala yaraye afashije As Kigali gusezerera Police Fc

Umukinyi Hussein Shabani Tchabalala abandanya yitwara neza mu gihugu c’Urwanda.

Hari kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 19 Rusama 2022, aho umugwi Police Fc wari wakiriye umugwi As Kigali mu rukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’Amahoro, urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije ibitsindo 2-2, ariko bica biha amahirwe As Kigali gukina Final bivanye n’uko urukino rwo gutangura yari yatsinze Police Fc igitsindo 1-0, igitsindo cinjijwe na Hussein Tchabalala.

Tchabalala akaba ariwe yafashije As Kigali gusezerera Police bivanye n’igitsindo ca kabiri co kunganya yinjije ku munota 88 w’Urukino. As Kigali yaciye isezera Police ku bitsindo 3 kuri 2 mu nkino zibiri zabahuje .

Mwomenya y’uko Hussein shabani Tchabalala ariwe afise ibitsindo vyinshi mu gihugu c’Urwanda, akaba afise ibitsindo 15.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 206