homepagekirundi_SportsYvan muziki

# Indundi Sports | Ikibuga c’Urukundo carawe kiguruwe n’imvura ivanze n’umuyaga

Ikibuga mpuzamakungu c’Urukundo gisanzwe kiri mu Ntara ya Ngozi ku musozi wa buye muri komine ya mwumba caraye kiguriwe n’imvura ivanze n’umuyaga.

Hari kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 16 Ndamukiza isaha 17h z’umuhingamo niho haraye harwa imvura ivanzemwo n’umuyaga yaguruye ikibuga c’urukundo kiri mu Ntara ya Ngozi .Ku makuru avuye I Ngozi aravuga y’uko Uruhande rwaraye rusinzikajwe ari ubw’ugamwo C hamwe na B .Amabati n’ivyuma vyari bisanzwe bisakaye kuri ico ikibuga bikaba arivyo vyaraye bihenuwe n’iyo mvura ivanze n’umuyaga.

Uburongizi bw’Umugwi Messager Ngozi burahumuriza abakunzi n’incuti b’uyo mugwi Academies le Messager ko uruhande rwaraye rwononekaye ari ruto cane , rungana n’ibice 20% vy’ico ikibuga cose, abahinga bakaba bamaze kubona ivyononekanye ivyarivyo kandi bakaba baciye batangura ibikorwa vyo gukora ahabaye ikibazo kuva kuri uyu wa Gatatu .

Mukamenya y’uko ico kibuga c’Urukundo gisanzwe kiri mu Ntara ya Ngozi ari ikibuga Mpuzamakungu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822