abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Imiriyaridi zibiri z’amarundi niyo mafaranga ikibuga c’Intwari kimaze gutwara

Ikibuga c’Intwari kibandanya gikorwa uko bukeye uko bwije , aho mu mezi abiri kimaze gutwara imiriyaridi zishika kuri 2.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2022, isaha icumi n’imwe z’umugoroba 17h00 aho uwusanzwe arongoye Comité ijejwe gukurikiranira hafi ibikorwa vyo kwubaka ikibuga intwari Honorable Réverien Ndikuriyo ari kumwe n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi , Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre hamwe na Ingénieur Méthode Ndikumagenge ajejwe kwubaka ico kibuga bagira ico bashikiriza abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira aho ibikorwa bigeze muri kino gihe .

Mw’ijambo Honorable Révérien Ndikuriyo yashikirije, yavuze y’uko bamaze gukoresha amafaranga y’amarundi angana n’imiriyaridi 2 kuva hatanguye ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga , agirako asaba abajejwe kwubaka ico kibuga y’uko mu misi 60 bazobe babahaye Pourtour y’ama Escalier yose 15 harimwo n’ubwugamo bukuru (Tribune D’honneur) .

Mwomenyako buri kwezi biyemeje kuza barashikiriza abarundi aho ivyo bikorwa vyo kwubaka ikibuga c’Intwari bigeze .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320