homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Imirwi Vital’o Fc na Inter Star bagiye gukora ibikorwa rusangi ku kibuga c’Intwari

Imirwi ibiri ikomeye mu gisagara ca Bujumbura ariyo Vital’o Fc na Inter Star igiye gukora ibikorwa rusangi ku kibuga citiriwe Intwari .

Mw’itangazo ryasohowe n’imirwi ya inter Star hamwe na Vital’o Fc batumiye abakunzi bose biyo mirwi uko ari ibiri mu bikorwa rusangi bizoba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ntwarante 2023 , ku kibuga Intwari igihe c’isaha zibiri n’igice zo mu gitondo ( 8h30).

 

Iyo mirwi ikaba yasavye abakunzi bayo gusidukana n’iyonka kuri uwo musi kugira iyo mirwi igire uruhara mw’iterambere ry’umupira w’amaguru mu Burundi .

Mukurangiza bakaba basavye ko umuntu wese kuzoza yambaye umwambaro uranga umurwi wiwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822