footballintamba murugamba

#Indundi Sports| Ingénieur Méthode: Ikibuga c’Intwari kizoba gifise amaduka 180

Ikibuga c’intwari kiriko gisubirwamwo gushasha kizoba gifise amaduka ( Shops) ashika kuri 180. Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Ingénieur Méthode Ndikumagenge ajejwe kwubaka ico kibuga kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2022 , mu kiganiro yaraye ahaye abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira aho ibikorwa bigeze, akaba yari kumwe n’uwujejwe guhagarikira ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga Honorable Réverien Ndikuriyo hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Géneral de Brigade de Police Muyenge Alexandre .

Ingénieur Méthode Ndikumagenge mu kwezi guheze yari yavuze y’uko ikibuga c’Intwari kizoba gifise amaduka 100 ( Shops) ariko ku musi w’ejo yaciye avuga y’uko hiyongeyeko ayandi maduka ashika 80.

Ikindi Ir Methode Ndikumagenge yashikirije yavuze y’uko ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga biriko bigenda neza cane kandi ata ntambamyi nyinshi bagira mu bikorwa vyabo , uko ibikorwa bipfuza uko bigenda niko biriko biragenda.

Mu bijanye n’uko bohava bacubaka nabi ugasanga FIFA isubiye kugihagarika , Méthode akaba yavuze y’uko mu misi iheze bakoranye inama na FIFA bari kumwe na FFB mu ntumbero yo kubabwira ingene ibikorwa biriko biragenda n’ico bokosora kugira ibikorwa bibandanye bigenda neza.

Méthode akavuga y’uko ikiringo babahaye co kuba bamaze kurangiza ico kibuga ari ntabanduka 100% bazocubahiriza.

Mukurangiza Ingénieur Méthode Ndikumagenge yavuze y’uko mu kiringo c’amezi atatu bazoba bamaze kwitunganya kugira bazobe bamaze kurangiza zirya Grade 15 hama bace babisa abazoba bajejwe gusasa umusezero wa kijambere .

Mwomenya ko abajejwe kwubaka ico kibuga bahawe ikiringo c’amezi 8 kugira kizobe camaze kurangira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186