homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba mu rugamba zatsinze Namibia zifata ikibanza ca 2 mw’itsinda zirimwo

Umurwi nserukira gihigu Intamba mu rugamba waraye uteye iteka igihugu c’Uburundi .

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruheshi 2023 Isaha icenda 15h00 mu masaha y’Uburundi ku kibuga citiriwe Mkapa kiri mu gisagara ca Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzania , aho umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wakira umurwi nserukira gihugu wa Namibia mu rukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2024 zizobera muri Côté d’Ivoire .

Urwo rukino rwarangiye Intamba mu rugamba zitsinze Namibia ibitsindo 3-2.

Igitsindo ca mbere cinjijwe na Bigirimana Abedi , ica kabiri gitsindwa na Bimenyimana Bon Fils Caleb mugihe ica gatatu cinjijwe na Hussein Shabani Tchabalala .

Uburundi bukaba bwaciye bufata ikibanza ca 3 n’amanota 4.

Uburundi kugira buje muri CAN 2024 izobera muri Côté d’ivoire, bisaba gutsinda canke kunganya na Cameroun .

Mwomenya ko hari haciye imyaka 3 Uburundi butaronka intsinzi mu nkino atari iza kivandimwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822