Général de Bigade de Police Muyenge Alexandre arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru avuga ko biteye isoni kubona hari abantu bahora basopa abakinyi mugihe baba bagomba kwinjira mu kibuga .
Ivyo akaba yaraye abishikirije kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Rusama 2023 , kuri Tropitel Hotel mu ntara ya Gitega ahari haramutse habereye inama ya bose y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .
Muyenge akaba yavuze ko ico kibazo co gusopa abakinyi bagiye kugitorera umuti , mbere n’amategeko bagiye gushinga mw’ihiganwa rizokurikira kikazobamwo .
Mwomenya ko ari mu Burundi honyene gusa usanga abajejwe umutekano w’ibibuga bama basopa abakinyi , ivyo vyose bikana biterwa no kuba bizera ibintazi .