homepagekirundi_SportsYvan muziki

# indundi Sports |Jose Morinho yavuze uwusumba uwundi hagati ya Messi na Christiano

Umumenyereza w’umunya Portugal Jose Morinho yagize ico ashikirije ku budasa buri hagati ya Messi hamwe na Christiano Ronaldo.

Imisi yose hama hari amatati y’umukinyi asumba uwundi kw’isi hagati ya Lionnel Messi hamwe na Christiano Ronaldo, Jose Morinho yahavuye afata ijambo agira ico avuze kurivyo bihangange mu mupira w’amaguru.

Morinho yabajijwe ico kibazo aho yariko akorana ikiganiro n’imboneshakure Be In Sports, akaba yishuye akoresheje ubwenge bwinshi.

Akaba yavuze ko Messi hamwe na Ronaldo amaze igihe kirekire yiyumvira kur’abo bakinyi, akakaba yibaza ko atari vyiza kubahiganisha .

Akaba yasubiye aravuga kandi ko atari na vyiza kuvuga uwusumba uwundi kuko kuri we abona ko batanasa .

Yasubiye aravuga ko ikintu ashobora kuvuga n’uko igihe yari kumwe na Christiano Ronaldo muri Real Madrid kuriwe yari anezerewe cane , no mu kindi gihe agiye guhangana n’umugwi Messi arimwo yaguma yibaza icotuma afasha umugwi amenyereza kugira aronke itsinzi.

Morinho akavuga ko ikimunezereza aruko imyaka abo bakinyi bamaze bari kw’isonga gusa . Ngo gutsinda rimwe birashoboka ariko gutsinda ukabandanya utsinda si ibintu vyoroshe nk’umukinyi kuko benshi mu bakinyi baratsinda rimwe bagaca bazima.

Christiano Ronaldo hamwe na Messi ni abantu bamaze kuba abakinyi beza nk’incuro 10 zirenga n’ibintu vyose usanga arabo babiri , gushika ubu kuri Morinho abo bakinyi nibo abona ko bigaruriye umupira w’isi, ngo biramaze, hageze ko baraba abandi bakinyi.

Mukamenya ko Morinho muri kino gihe ata kazi afise inyuma yo kwirukanwa n’umugwi Manchester United mu kwezi kwa Kigarama igenekerezo rya 18.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822