AthletismeCAN2019groups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambaprimus ligueprimusic-burundiSport

Jumaine urugero rw’abakinyi biwe rwaragabanutse

Inyuma yo kunganiriza i Bujumbura Ku kibuga c’intwari n’umugwi wa Inter Star 0-0, mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu, Niyonkuru Jumaine arashima uko vyagenze i Bujumbura kuko yari afise abakinyi benshi bama batangura mu kibuga ariko batigeze baboneka muri urwo rukino .

Akaba yagize ati” urabona y’uko mu kibuga twabuze abakinyi benshi bama batangura mu kibuga ariko twaciye twifashisha abandi bakinyi dufise kuko bose turabizeye ” .

Abajijwe  impamvu yatumye asabatirizi biwe batitwara neza akaba yagize ati ” Jewe nibaza ko mu mupira w’amaguru ari ukumenya ko uguma wigisha keshi tuguma twigisha ubusatirizi bwacu, si muri Musongati honyene gusa n’imigwi yose uravye ibitsindo twahushije n’iyindi migwi irabihusha ariko twebwe uno musi umenga vyatwankiye kuko twaronse uburyo bwinshi ariko vyanka kwinjira”

Abajijwe ico abantu bokwitega mu rukino rwo gusubiriza ruzoba Igenekerezo rya 07 Ruheshi 2020, Jumaine yishuye ko abantu bo kwitega ko bazokina neza kandi bazorondera itsinzi kuko bazoba bari mu rugo n’ibitsindo bahushije bazovyinjiriza i Gitega .

Akaba yarangije avuga ko bavuye mu karuhuko ntiboguma kurugero bariko aho hambere ngo urugero rutegerezwa kumanuka ariko ngo sibo bonyene na inter Star , Aigle noir hamwe na Rukinzo rwaragabanutse .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 151