Burundifootballgroups-at-messageInkinokirundi_SportsSportsport_promoted

Mac Arthur ashira umukono mu gitabo c’iteka cagenewe Prezida Nkurunziza

 

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 Ruheshi 2020, umunyegori w’intamba mu rugamba Arakaza Mac Arthur akina mu Mugwi Lusaka Dynamos wo mu gihugu ca Zambia niho yishikira Ku buserukizi bw’u Burundi buri muri Zambia gushirako umukono mu gutera iteka nyakwigendera nyene icubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi Patero Nkurunziza yaryamiye ukuboko kw’abagabo kuva igenekerezo rya 08 Ruheshi 2020.
Arakaza Mac Arthur akaba ari umwe mu babajwe n’urupfu rwa Nyakwigendera Umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza .

Aganira na Indundi Sports yavuze ko ababajwe cane n’urupfu rwa nyakwigendera umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza kuko inyuma yo kuba Prezida wiwe yamufata nk’umuvyeyi wiwe nawe akamufata nk’umwana wiwe.

” Nababajwe cane n’urupfu rwa nyakwigendera Umukuru w’igihugu c’uburundi nkanje namufata nk’umuvyeyi nawe akamfata nk’umwana “Imana imwakire ubwami bwayo”

Mukamenya ko Arakaza Mac Arthur ari umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba yigeze kuronka ibakwe ryo kuganira imbona nkubone na Nyakwigendera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 585