Burundifootballgroups-at-messagekirundiprimus ligueSport

# Indundi Sports | Messager Ngozi ishobora gutahukana igikombe kuri uwu wa gatandatu

 

Umugwi Messager Ngozi usigaje amanota atatu gusa kugira utahukane igikombe ‘kuri uwu wa gatandatu uwo murwi niwaramuka utsinze Inter Star mu rukino rw’indwi ya 29 ya Primus league Burundi uzorarana akanyamuneza kadasanzwe.

Amakuru Indundi Sports ifise n’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rizodugana igikombe co guha umugwi uzotahukana intsinzi.

Ibintu bikaba vyifashe uku gukurikira:
Messager Ngozi ifise amanota 58 mugihe Musongati ifise amanota 55, iyo mirwi yompi ikaba isigaje inkino zibiri zibiri.
Mu nkino bafise kuri uno musi uri hejuru, bose baramutse batsinze inkino zabo, Messager Ngozi ica igira amanota 61 , Musongati nayo 58 ,Messager yoca ihabwa igikombe.

Nayo iramutse itakaza urukino rwanyuma Musongati ikarutsinda baca banganya amanota bompi bakagira 61 .
Mu gihe boramuka banganya amanota baca baraba uwatsinze uwundi mu nkino zibiri zabahuje, aho naho Messager Ngozi niyo yoca itahukana igikombe kuko niyo yatsinze Musongati Fc igitsindo 1-0 , mu rukino rwo gusubiriza bakaba baranganije igitsindo 1-1.

Kugira Musongati itahukana igikombe bisaba ko itsinda inkino zibiri zisigaye nayo Messager Ngozi igaca izitakaza zompi, canke Musongati itegerezwa gutsinda zose hama Messager Ngozi ikanganya zose

Mwomenya ko umugwi Messager Ngozi uramutse utsinze urwo rukino ugatwara ico gikombe, kizoba kigize kabiri, mugihe Musongati Fc ata gikombe na kimwe baratwara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 660