footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

Musongati Day | Double Jay niwe azoteramisha abanya Gitega mu rukino rwa Musongati na Aigle Noir

Mu gisagaca ca Gitega umugwa wa Poritike hagiye kwaka umuriro bivanye n’ingene ibirori vyo kwerekana abakinyi ba Musongati bashasha biriko bitegurwa.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 07 Myandagaro isaha zitanu zo mugitondo 11h ku kibuga ingoma niho hazoba hatanguye ibirori vyo kwerekana abakinyi Musongati Fc yaguze kugira baze bayikinire mw’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2021-2022.

Ivyo birori bikaba bizokwugururwa n’umuririmvyi Double Jay asanzwe avuka muri iyo ntara ya Gitega ku murwa mukuru wa poritike.

Inyuma y’ivyo birori hazoca haba urukino rwa kivandimwe ruzohuza umugwi Musongati Fc hamwe n’umugwi Aigle Noir the Fighters isaha icenda 15h00 kuri ico kibuga nyene ca Ingoma, kwinjira kumpande z’ikibuga ni amafaranga ibihumbi 2000 Fb , mu bwugamwo bwiteka ni amafaranga ibihumbi 5000 FB mugihe mu bwugamwo bwiteka budasanzwe V.I.P ari amafaranga ibihumbi 10000 FB.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846