homepagekirundipromotedTabac

Nahimana Jonathan ashobora kubura mu rukino rwa Gabon

Umunyegori w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan yaraye akomeretse .

Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 10 Ntwarante aho umugwi KMC ukinamwo umunyegori w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan watana mu mitwe n’umugwi wa Yang Africa , urukino rurangira Yang African itsinze KMC ibitsindo 2 kuri 1.

Umunyegori w’intamba mu Rugamba Nahimana Jonathan akaba atigeze arangiza urwo rukino kubw’imvune asubirizwa n’uwitwa Djuma Kaseja .

Kushika muri kano kanya amakenga ni menshi ku bakunzi b’umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba aho bavuga y’uko uyo munyegori ashobora kubura mu rukino rugiye guhuza Intamba mu rugamba na Gabon ruzoba kuwa 23 Ntwarante ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Indundi Sports ikaba igiye kurondera uyo munyegori yahora atangura mu kibuga mu mugwi nserukiragihugu kugira imubaze ingene amagara yiwe yifashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755