abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambaUncategorized

# Indundi Sports | N’aho yaraye ahawe ikarata y’umuhondo niwe yafashije Geita Gold kunganya

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yaraye afashije Geita Gold kunganya na Mtibwa Sugar naho mu nyuma yaciye aronka ikarata itukura .

Hari kuri uyu w’imana igenekerezo rya 04 Kigarama 2022, aho umugwi Geita Gold usanzwe ukinamwo Saidi Ntibazonkiza hamwe na Arakaza Mac Arthur wari uramutse ukina urukino rw’indwi igira 15 rw’ihiganwa ryo muri Tanzania NBC Premier league , urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije ibitsindo 2 kuri 2.

Mtibwa Sugar niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 10 w’urukino , gica kigomborwa na Saidi Ntibazonkiza biciye kw’ikosa yari akorewe kuri Mukorumbone niho guca atera penariti iba irinjiye ku munota wa 34 w’urukino. Haciye iminota 11 gusa Saidi Ntibazonkiza yasubiye kandi atanga umupira mwiza kuri Luzio ku munota wa 45 w’urukino Geita Gold iba ironse igitsindo ca kabiri baja kuruhuka Geita Gold iri imbere y’ibitsindo 2 kuri 1 .

Mu ntango z’igice ca kabiri c’urukino ku munota wa 54 w’urukino Saidi Ntibazonkiza yaciye ahabwa ikarata itukura biciye kw’ikosa yakoreye Sultan Hassan Kizigenza wa Mtibwa Sugar abona gusohoka mu kibuga.

Mtibwa Sugar yaciye isatira gushika ku munota wa 90 uca uronka igitsindo co kunganya , urukino rurangira imigwi yose inganije ibitsindo 2 kuri 2.

Mwomenyako Saidi Ntibazonkiza amaze gufasha Geita Gold gutsinda ibitsindo 10 , akaba ari nawe mukinyi wa mbere muri Tanzania amaze kugira uruhara nk’urwo muri ico gihugu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 256