footballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Ndikuriyo Patient abadanya yitwara neza muri Kayanza United

 

 

Mu Burundi twarabonye abanyegori batari bake bitwara neza mu nkino za Primus league , muri kino gihe Ndikuriyo Patient wa Kayanza United niwe agezweho.

Uwo munyegori wa Kayanza United avukana n’umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana hamwe na Alain asamira umugwi Rukinzo Fc , ari mu banyegori bamaze gukina inkino zose za Primus league 28. muri izo nkino zose amaze gukina amaze gukina inkino 12 adatsindwa n’igitsindo na kimwe.

Uwo munyegori akaba ari mu banyegori beza cane bitwaye neza muri Primus league muri uyu mwaka urabiye kuvyo amaze gukorera Kayanza United .

kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Rusama 2021 , igihe umugwi  Kayanza United wari wakiriwe na Athletico Academy mu rukino rw’indwi ya 28 , yarashoboye gukura imipira ikoma komeye yatewe n’abakinyi ba Athletico Academy ivyatumye uwo mugwi wirahira Athletico Academy ibitsindo 2-1.

Mwomenya ko Kayanza United asanzwe asamira yaciye irara mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza n’amanota 52.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 312