CAN2019featured sportfootballInfrastructuresInkinokirundi

# Indundi Sports | Ndizeye Alain Bangama yoba ari inde?

  • Kuva mu mwaka wa 2004  gushika mu mwaka wa 2012 izina ry’umukinyi wa kera wa Vital’o Fc ndetse n’intamba mu rugamba Ndizeye Alain Bangama ryari rizwi mu gihugu cose c’Uburundi bivanye n’ingene yitanga cane mu kibuga .
  • Ndizeye Alain Bangama yatanguye gukina umupira w’amaguru mu mwaka wa 1998 mu Mugwi wa bakiri bato Cadet witwa DC Volontaire, mu mwaka wa 2000 yaciye aduga mu cicaro ca mbere mu mugwi Chanic Fc munyuma awuvamwo abona kwerekeza mu gihugu c’Urwanda mu mugwi wa Kiyovu Sports ahakina imyaka ibiri , avuye ngaho yaciye agaruka  mu Burundi mu mugwi wa Prince Louis , mu nyuma yaho yaciye yipfuzwa na Athletic Olympic , avuye  agurwa n’umugwi Vital’o Fc nawo nyene arawuvamwo aca yerekeza muri Inter Star avuye ngaho niho guca aja muri LLBS4A ari naho yarangije Ku bijanye n’umupira w’amaguru akaba yubatse afise n’abana 5.
  • Bangama akaba atariwe wenyene yakina mu muryango wabo kuko bakuru biwe nka Mbuyo Jean Marie , Kabeya Kongolo hamwe n’umuhidi kuby Banga bigeze kubica bigacika mu mugwi Vital’o Fc hamwe na Kiyovu sports yo mu Rwanda . 
  • Muri kino gihe Alain akaba ari umumenyereza amaze kumenyereza imigwi itari mike nka Messager Buja , New Oil , yigeze no kuba icegera c’umumenyereza wa LLBS4A muri kino gihe asanzwe ari icegera c’umumenyereza wa Vital’o Fc .

    Tukaba tugiye kuzobashikiriza amateka yiwe mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu misi ya vuba.

Ikiganiro cose yakoranye na Indundi TV 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 607