footballintamba murugamba

# Indundi Sports | Nduwarugira Christophe yaraye afashije umurwi wiwe kwinjira muri kimwe ca kabiri

 

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Nduwarugira Christophe batazira Lucio yaraye afashije umurwi wa Academico Viseu ukina mu cicaro ca kabiri muri Portugal gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa rya Alianzcup- Taca- Daliga .

 

 

Umugwi Academico Viseu usanzwe ukinamwo umukinyi w’intamba mu rugamba waraye utsinze Boavista ibitsindo 2-1.

Christophe Nduwarugira niwe yatsinze igitsindo ca mbere c’uwo mugwi , yongera atorwa nk’umukinyi yaranze urwo rukino.

Mwomenyako inyuma y’urwo rukino Nduwarugira yaciye ahabwa agashimwe kiwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza kurusha abandi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186