footballintamba murugamba

#Indundi Sports| Ninde azohagarika intamba z’abatarenza imyaka 20 muri CECAFA ?

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba waraye ukoze amateka mu nkino za Cecafa z’abatarenza imyaka 20.

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 28 Gitugutu 2022 , mu gihugu ca Sudan aho umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba wakina urukino rwa mbere rwa Cecafa-20 rwabahuje n’igihigu ca Djibouti, urwo rukino rwarangiye intamba zibanyagiye ibitsindo 5-0.

Muri urwo rukino umusatirizi w’umugwi Messager Ngozi Arthur Nibikora yarakoze amateka mu gutsinda ibitsindo bitatu wenyene ivyatumye atahana umupira.

Arthur Nibikora yinjije ibitsindo 3 , hama Nkurunziza Alfred yinjiza igitsindo 1 hamwe ma Kessy Jordan yinjiza 1.

Mw’itsinda Uburundi burimwo nibwo bufata ikibanza ca mbere inyuma ya Sudan hamwe na Sudan y’epfo banganije.

Mwomenyako intamba mu rugamba zizokina urukino rugira kabiri ruzoba kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 1 Muyonyo 2022 , urwo rukino ruzobahuza na Sudan y’epfo igihe c’isaha icumu zo mu Burundi ( 16h00).

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 186