DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

DiasporaNews: Umuyobozi wa Diaspora ngo ntakurirwa muri groupe ya WhatsApp

Umukuru wa Diaspora ngo ntakurirwa muri groupe ya WhatsApp, kurongora abasirimu na cane cane ababona ko bifise ngo ntivyoroshe na gato kuko bose ngo ntibaba bumva impanvu batokwitwa abarongozi.

Japhet Legenti umwe mu batanguje diaspora y’abarundi arerekana impamvu nyezina uwo muryango w’abarundi barangurira imirimo yabo mu mahanga utashitse kw’ihangiro wari wihaye.

Umwina wo kwicara ku ntebe ya Président kuri bamwe bamwe mu ndongozi ziserukira abandi na cane cane urwego nshingwabikorwa, iyo niyo mvo nyamukuru yabaye iburaburizwamwo ry’imigambi mikuru mikuru ya diaspora. Ng’ivyo ivyavuyemwo kwambikana ibara , no guca intege abarundi benshi bafise agatima ko guterera mw’iterambere ry’i Gihugu cabibarutse.

Legentil atanga akarorero ka hagufi bompi boca batahura, ako nako akaba ari ku ndongozi Eric Niragira yatowe mw’ikoraniro kaminuza ryabereye i Bujumbura mu mwaka 2021 ari nawe yamukoreye mu ngata.
Uwo muhumure akagira ati:”Ku bona hoba umwe mubo bahiganiwe ico kibanza mu nyuma bafadikanya kurongora abarundi b’ishwi yo kwimadika ku ntebe yiwe ngo ni uko yakoranije abayoboka ivyiyumviro muri group ya WhatsApp ngo ni ibiterasoni, abifata nko kwiyambura uburengazira bwo kwitorera indongozi .”

Japhet akibutsa abarundi bakorera mu mahanga ko umuserukizi wa diaspora aba yambaye ikoti zibiri, imwe yo kurongora ishirahamwe ryabo iyindi imuha uburenganzira bwo kuba umukuru w’abarundi baba mu mahanga nk’urwego rukuru runafata n’ingingo zikomeye.

Ngo nubwo indongozi ya diaspora yoba itowe utunenga utu canke turiya ntikurirwa ku mbuga ngurukanabumenyi baratenyenya inama ya bose na rirya iba buri mwaka.

Ivyo Japhet Legenti akaba abishikirije inyuma y’aho ishirahamwe ry’abarundi ryemerewe gukora ku mugaragaro na Leta y ‘Uburundi nk’ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politique nk’uko tubisanga mu rwandiko ruri aha musi; nayo ku rundi ruhande hakibonekeza umurwi urongowe na Diomede Richard Misigaro utemera itunganywa ry’iryo shirahamwe ukanagirako uvuga ko wakuye ku ntebe umurongozi Éric Niragira ndetse ko ibijanye na diaspora ariwo ubibazwa vy’imfatakibanza, ivyo abandi bafata nk’ihirikwa ry’ubutegetsi.

Uruganda rwa Indundi TV rukaba rwanamubajije imvo zatumye amera nk’uwakinjuye mu bikorwa nk’uko yari yaravyiyemeje ko azoguma hafi indongozi zamusubiriye, akamenyesha ko ataho yagiye ko mu gihe cose bazomuhamagara ari impanuro canke ibindi nk’inararibonye atacobuza ko yunganira.

Tukabibutsa ko abarundi baba hanze babarizwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ndetse bukababa hafi bukanabashigikira mu bikorwa vyabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 471