footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

Officiel : Flambeau du Centre yaguze abakinyi 3 ku miriyoni 52 z’amarundi

Umugwi Flambeau du Centre ubandanya wiyubaka neza kugira witegurire neza ihiganwa ry’umwaka wa 2021-2022.

Urukurukuru niyo nkuru , amakuru indundi Sports ihejeje gutohoza ubu nyene kandi ariyo ni uko umugwi Flambeau du Centre umaze kugura abakinyi batatu bahora bakina muri Primus League .

1) Hakizimana Kevin Jean Pastore nawe nyene amaze kugurwa amafaranga imiriyoni 15 akazoba ahembwa amafaranga ibihumbi amajana ane ( 400.0000 FB), akaba yigeze gukinira imigwi ikomakomeye yo mu gihugu c’Urwanda nka Mukura Victory Sports hamwe na Police Fc muri kino gihe yahora akina muri Rukinzo Fc yarangije ihiganwa rya Primus league afise ibitsindo 9

2)Shaka Trésor : Umusatirizi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa riheruka aho yinjije ibitsindo 14 anganije na Ndikumana Asman Garden , yamaze kugurwa na Flambeau du Centre aho yahawe amafaranga imiriyoni 20 z’amarundi mu myaka 2 akazohora ahembwa amafaranga ibihumbi amajana ane (400.000Fb ), akaba yahora akinira mu mugwi wa Vital’o Fc mu mwaka uheze.

3) Rukundo Abdoulrahman Paplay nawe yamaze kugurwa amafaranga imiriyoni 17 mu myaka 2 akazohora ahembwa amafaranga ibihumbi amajana ane ( 400.000 FB), yigeze gukinira imigwi ya Aigle Noir hamwe na Inter Stars muri kino gihe yahora  akinira Kayanza United yarangije ihiganwa rya Primus league n’ibitsindo 11.

Ayo mahera yose Flambeau du Centre yaguze kuri abo bakinyi akaba ashika ku miriyoni 52 z’amafaranga y’amarundi .

Mwomenya y’uko atari ubwa mbere Flambeau du Centre igura abakinyi ikoresheje amahera atari make no mu mwaka uheze yaguze Hakizimana Issa ku miriyoni 22 z’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846