homepagekirundiprimusic-burundisociete

Papy Faty azoshingurwa nk’umu Islam

Mutoyi w’umuhisi Papy Faty ariwe Iddy Faty yavuze y’uko mukuru we azoshingurwa nk’umu Islam.

Inyuma y’amajambo menshi aguma akwiragizwa henshi avuga y’uko hari ukutumvikana k’ukungene umuhisi Papy Faty azoshingungwa aho nyina wiwe avuga y’uko umwana wiwe yari amaze kuva mwi dini rya Islam , abandi bakavuga y’uko atigeze n’idini rya Islam kuko n’igihe yaza mu Burundi gukina urukino rwa Gabon uyo mukinyi yarasenga muba Islam.

Indundi Sports imaze kwumva ayo makuru yaciye irondera mutoyi wa Papy Faty ariwe Iddy Faty imubaza y’uko mukuru we yoba yari yaravuye mw’idini rya Islam , Iddy Faty akaba yabihakanye avuga y’uko umuhisi Papy Faty wenyene atarapfa yabwiye umuntu w’umugenzi wiwe yitwa FBI y’uko igihe azopfa azohambwe nk’umu Islam.

Akaba yagize ati” tumaze kuyaga na Mama hamwe na bayomba bari mu gihugu c’uburundi tubabwira y’uko Papy Faty ari umu Islam kandi hari n’umuntu yitwa FBI Papy yigeze kumubwira y’uko ntivyashika akitaba imana azohambwe nk’umu Islam , rero ivyo abandi bavuga jewe ntaco ndabiziko . Papy niwe yanzanye hano muri Africa y’epfo twaramanye cane nta kintu nakimwe ciwe ntazi mbere akaba yari yavuze y’uko amafungo y’ukwezi kweranda kwa Ramadhan yimirije kuba mu kwezi buca dutangura Imana ntiyamufasha akahashika azokwugara Connection ya internet gushikaho amapfungo aheze ngo n’uwuzomurondera yari kumuronderera kuri terefone isanzwe”

Indundi Sports imubajije kuvyerekeye umusi ikiziga kizozanwa mu Burundi akaba yishiye ati” ikiziga gishobora kudushikira uno musi canke ku musi wa kane kuko kuri uyu wa gatatu bashobora kudakora kubera umusi mukuru w’abakozi”

Iddy Faty akaba ariwe azoza aherekeje ikiziga ca Mukuru wiwe ari kumwe n’uwundi muhungu wo mu muryango wabo basanzwe b’abana muri Africa y’epfo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758