abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Ramazani Diamant agiye gukina mu cicaro ca gatanu muri Espagne

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Ramazani Diamant agiye gukina mu gihugu ca Espagne.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Nyakanga 2022, niho umukinyi w’intamba mu rugamba Diamant Ramazani asanzwe ari mukuru wa Ramazani Largie yashira umukono ku masezerano yo gukinira Academy UD Alméria usanzwe uri mu cicaro ca gatanu mu gihugu ca Espagne.

Mwibuke y’uko mutoyi wa Diamant Ramazani ariwe Largie Ramazani wewe akina mu mugwi w’abakuze wa UD Almeria ukina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Espagne (La Liga).

Diamant Ramazani akaba ari umwe mu bakinyi b’abarundi bakina mu mahanga bama batumwako mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320