kirundi_SportsIKIRUNDI_news

# Indundi Sports| Révérien Ndikuriyo yakeje Francine Niyonsaba

Uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Umukenguzamateka Révérien yaraye akeje bimwe bivuye ku mutima umunonotsikazi w’umurundi Francine Niyonsaba ku mateka yaraye akoze mu gufata ikibanza ca mbere ku metero 2000m.

Abicishije ku rubuga rwa Tweeter yagize ati: “Mfashe kano kanya kugira nkeze cane umwigeme Francine Niyonsaba kw’iteka ridasanzwe amaze imisi atera Uburundi. Turashimishijwe gose n’iyo ntambwe yateye kandi mu kuba uwa mbere kw’isi agatangaza amakungu mu kwenurira abandi bose . Umurundikazi yubahwe”.

Mwomenya y’uko Francine yagize Record itamenyerewe mu kwiruka umwanya (5’21’56’’) akaba yaciye akora Record y’isi.

Mwomenya kandi y’uko atari Révérien Ndikuriyo wenyene yaraye amukeje harimwo n’umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’umutambukanyi wiwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275